Thursday, December 1, 2022
HomeNewsAbanywanyi 16 ba MSD bakuwe mw'ibohero rya MPIMBA bajanwa gupfungirwa ahandi

Abanywanyi 16 ba MSD bakuwe mw’ibohero rya MPIMBA bajanwa gupfungirwa ahandi

Abanyororo bagera kuri 25 barimwo abaharurwa muri 16 b’abanywanyi b’umugambwe MSD bimuriwe mu mabohero ya Rumonge na Gitega, bakuwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Mu gihe mu mugambwe MSD wa Alexis SINDUHIJE bavuga ko ari agatotezo n’agacinyizo bibandanya gukorerwa abanywanyi b’uwo mugambwe, mu buyobozi bukuru bujejwe amabohero siko babibona. Bamenyesha ko uguhindurira abanyororo ikibanza bapfungirwamwo ari igikorwa gisanzwe kandi bikorwa kenshi.

Muri ubwo buyobozi bujejwe amabohero bamenyesha ko muri abo banyororo bakuwe mu Mpimba, 15 bari mw’ibohero ryo mu Rumonge, abandi 12 nabo bakaba bari mw’ibohero rya Gitega. Kubw’ubwo buyobozi, umunyororo ahinduriwe ibohero biva ku mvo nyinshi, kandi ubwo buyobozi bw’amabohero bukavuga ko ari igikorwa gisanzwe kandi camaho.

kare

Mu mugambwe MSD siko babibonye. Bamenyesha ko bababajwe n’ihohoterwa abanywanyi ba MSD babandanya gukorerwa aho bari hose gushika n’aho n’abasinzikarijwe ubuzima bagapfungwa babasanga mu mabohero kubakubagurirayo.
Muri MSD bavuga ko ivyabaye aho bazanye igiporisi kuyobora no gukubagura abanywanyi b’umugambwe MSD mu kubimurira mu yandi mabohero hakoreshejwe igikenye.

Must Read