Umukuru w-igihugu c-uburundi Evariste Ndayishimiye mw-ijambo yashikirije abarundi n-amakungu kuri uyu wa 31 kigarama 2021 amenyesha ko abanyororo bose badakekwako ubwicanyi canke kwonona ubuzima bwa kiremwa muntu bagiye kuburana bidegemvya.
Perezida Ndayishimiye yagiriyeko ategeka abashikirizamanza kurekura abo bafungwa maze bakazoheza baza baritaba ubutungane bidegemvya.
Abatari bake mu barundi harimwo n-abaharanira agateka ka zina muntu boba bakengurutse iyo ngingo kubera ko ibitigiri vy-umurengera vy-abanyororo bafungiwe mu mabohero atandukanye yo mu gihugu bigiye kuzogabanuka maze bigafasha abanyororo basigaye mu mabohero babaho mu mwidegemvyo hamwe no kutandura ingwara ziturutse kw-isuku rike.