Wednesday, November 30, 2022
HomeNewsAbanyororo barenga 100 bagirizwa ivyaha bitobito bararekuwe.

Abanyororo barenga 100 bagirizwa ivyaha bitobito bararekuwe.

Abanyororo 111 nibo baraye kuri uyu wa gatanu barekuwe  bava mw’ibohero rikuru rya Mpimba mu ntumbero yo gushira  mu ngiro ikigongwe c’umukuru w’igihugu catanzwe ku banyororo  mu mpera z’umwaka uheze wa 2021. Abo banyororo barekuwe bagirizwa ivyaha bisanzwe , ivyo bita mu rurimi rw’igifaransa «crimes de droit commun».

Abo banyororo barekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu bavuye mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuri uyu wa gatanu w’indwi iheze bagizwe n’abagabo 106 hamwe n’abakenyezi 5. Umushikirizamanza kizigenza wa Republika , Sylvestre Nyandwi avuga ko kutabaye uguteba kubarekura ariko ko irekurwa ryabo ryasaba ubwitonzi bwinshi  kugira ntihagire uwumva ko yarenganijwe.

Mw’ishirahamwe ACAT-BURUNDI ryishinze kurwanira ubuzima bwa kiremwa muntu, barashima ko iyo ngingo yatanguye kuja mu ngiro , Umushingwamanza Jean-Claude Ntiburumusi ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-BURUNDI avuga ko abarekurwa ari bake ugereranije n’abantu bafungiwe mu mabohero yo mu Burundi bavuga ko barengeye kure ubushobozi bwayo. Abicishije kw’iradiyo INZAMBA AGATEKA KAWE, Ntiburumusi avuga kandi ko muri ACAT-BURUNDI bababazwa cane n’ingene izo ngingo zo kurekura abanyororo ku kigongwe c’umukuru w’igihugu hariho umurwi w’abanyororo zikumira abo nabo ni abagirizwa ivyaha bifitaniye isano na politike.

 

 

 

Must Read