NEWS

Abanyororo 740, Harimwo 450 Bakoze ‘Imyiyerekano’ Barekuwe.

on

Bivuye ku kigongwe c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Pierre Nkurunziza, abanyororo bashika 740 harimwo 450 bakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Pierre Nkurunziza mu mwaka wa 2015, baraye barekuwe ejo ku wa 16 Ntwarante 2018 maze basohoka ibohero rikuru rya Mpimba riri mu gisagara ca Bujumbura.

Uwahagarariye ibirori vyo kurekura abo banyororo akaba ari Aimé-Laurentine Kanyana,Umushikiranganji w’ubutungane, maze hisunzwe ikigongwe c’umukuru w’igihugu catangajwe ku wa 31 Kigarama abo banyororo bakaba bararekuwe.

Abanyororo bamaze kurekurwa bakaba ari 2800 barekurwa mu busho bwo mu zidi ntara.Bagaca baba bose hamwe 3500 bamaze kurekurwa hisunzwe ikigongwe c’umukuru w’igihugu.

Abakenyezi bashika ku 200 nabo bakaba bamaze kurekurwa, mbere na bamwe bamwe bagirizwa kunyuruza ubutunzi bwa leta bakaba bashikirwa n’ico kigongwe c’umukuru w’igihugu.

Igihe abo banyororo barekurwa, hakaba hari hishikiye abategetsi bo ku rwego rwo hejuru na cane cane Umuserukizi w’Ubumwe bwa Buraya, Uwuserukira Ubufaransa( Laurent Delahausse), Malie, Nigeria.

Iyo ngendo ya leta y’I Bujumbura yo kurekura bamwe bamwe mu bakoze imyirekano yo kwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza kwoba kugiye gutuma Uburundi burabwa ryiza n’ibihugu vyahora bifasha Uburundi nka UE, USA n’ibindi?Ni kuraba uko imigenderanire igiye kuzohora igenda.

Recommended for you