NEWS

Abanyeshuri bicara hasi mu gisagara ca Bujumbura? Biva kuki?

on

Abanyeshuri biga mu mashure matomato mu gisagara ca Bujumbura yo mu Gasenyi muri Zone Gihosha, Commune Ntahangwa, mu Buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, bicara hasi kubera ubukene bw’intebe zo kwicarako.

Inkuru ya Iwacu yashize ahabona ko abo bana babwirizwa kwiga bagakurikirana umuwigisha ariko yigisha bicaye hasi mu nkungugu.

Abo banyeshure bakaba biga mu mimerere mibi cane kubera ko bidoga ko bababara cane igihe biga bicaye hasi.

Umuyobozi w’iryo shure akaba yabwiye Iwacu ko batanguye umwaka w’ishure bafise ingoranae nyinshi cane mu bijanye n’ibikoresho bikoreshwa mu kwiga n’ibindi kandi ko batabona uko bagiye kubigenza.

Umwaka w’ishure wa 2019-2020 ukaba watanguye mu gihe leta y’Uburundi ibicishije ku bushikiranganji bw’indero bwashize ahabona ingingo zishasha zituma ivyigwa bitangwa neza mu mashure yo mu Burundi.

Mwomenya ko indero mu Burundi isa n’iyiriko iratituka cane aho mu mwaka uheze abakoze ca kibazo giha uburengenzira abanyeshre co kwinjira mu gice ca kabirai c’amashure inyuma y’amashure nshingiro baronse amanota make cane ugereranije n’abandi bo mu myaka yatangutye imbere yabo.

Janviere Ndirahisha aramutswa ubushikiranganji bw’indero wewe yamenyesheje ko abashikanye amanota 50% ari ibice 14 kwijana.

Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko indero iriko irasubira hasi mu Burundi bivanye n’ingeso zigaragazwa n’abarerwa. Mukibuka ico abanyeshure bahejeje gukora ca kibazo kibaha uburenganzira bwo kuja muri za kaminuza bitaburiyeko impuzu.

Iyo ngeso ikaba yariyamirijwe bikaze mbere n’umukuru w’igihugu arahagaruka arayamirira kure.

Recommended for you