NEWS

Abanyeshure bo muri Kaminuza bava mu gihugu ca RDC bahagaritse kwiga

By

on

Ivyo bikaba vyavuye kwihagarikwa agasaki saki k’abo banyeshure muri zone Cibitoke na Mutakura n’iyindi mihingo yo mu gisagara ca Bujumbura. Abashika 90 bakaba bamaze kwirukanwa abandi bakaba bafunzwe bariko barabazwa ingene binjiye m’Uburundi.

Abanyeshure baserukira abandi bakaba baciye basohora itangazo basaba abandi banyeshure bagenzi babo ko bohagarika ivyigwa kuva kur’uyu wambere mu kurindira ko ico kibazo gitorerwa umuti. Abo banyeshure bagasaba ko ubuserukizi bwa Congo (RDC) m’Uburundi bwoja hamwe n’abatwara Uburundi kugira bababwire impapuro zimewe n’amategeko kuko benshi bafise impapuro za CEPGL.

Abo banyeshure bakavuga ko basabwe gusaba visa y’abanyeshure mu biro bijejwe uruja n’uruza rwo kumipaka. Umuvugizi wo m’ubushikiranji w’umutekano, Pierre Nkurikiye akavuga ko ico gikorwa kibandanya co guhagarika abanyamahanga badafise impapuro zo kuba kubutaka bw’Uburundi.

Recommended for you