NEWS

Abanyeshure bashika 104.472 bararindiriwe mu kibazo kibaha uburenganzira bwo kwinjira mu mashure yisumbuye

By

on

Abo banyeshure bakazokorera mu bibanza bishika 958, abigisha bashika 3.752 bakaba barateguwe kugira bazoje gucungera ingene ico kibazo kigenda. Ico kibazo kikazotangura kur’uyu wa kabiri, 11 ruheshi, kirangire kur’uyu wa kane, 14 ruheshi. Muri kino gihe ico kibazo gikorwa n’abanyeshure bo mu mwaka w’icenda mu gihe kera cakorwa n’abanyeshure bo mu mwaka wa gatandatu.

Muri kino gihe uwo ico kibazo kinaniye arashobora kuca aja mu mashure y’imyuga canke akarindira agasubira kugikora mu mwaka ukurikira. Mur’uyu mwaka abazoza gusubiramwo ico kibazo bakaba bangana 11.000 bashasha nabo bakaba bangana 93.472.

Umushikiranganji w’amashure mato mato ayisumbuye n’amashure y’imyuga, Janviere Ndirahisha, amenyesha ko ibikoresho vyose bikwiye naho umuyagankuba wagiye uracika bariko barafotora impapuro z’ibibazo. Kur’uyu wa mungu na kur’uyu wa mbere imiduga idugana ico kibazo mu ntara ikaba yariko iradugana ico kibazo ca Leta. Kur’uyu wa mbere kandi abanyeshure bakaba baje kuraba aho bazokwicara bakurikije inomero bahawe kuntonde banditsweko.

Recommended for you