Sunday, March 26, 2023
HomeNewsAbanyeshure b'abarundi bagiye kwiga mu bufaransa mu mwaka wa 2021 nka...

Abanyeshure b’abarundi bagiye kwiga mu bufaransa mu mwaka wa 2021 nka bose bararetse ivyo kwiga bahitamwo kitwa impunzi.

Igitigiri kitari gito c-abanyeshure b-abarundi (bari ku rugero rwa 80%) bagiye kwiga muri kaminuza ya Toulouse, iri mu gihugu c-ubufaransa mu mwaka wa 2021 baciye bihutira gusaba ubuhungiro mw-ico gihugu maze ivyo kwiga baba barabivuyemwo. Ivyatumye abandi banyeshure bagenzi babo bo mu mwaka w-ishure wa 2022 bari basavye kuja kwiga mw-iyo Kaminuza bahava  nka bose bankirwa kuja kwiga.Bourses d'études 20 Masters permettant aux étudiants burundais d'étudier à l'étranger

Nkuko tubikesha ikinyamakuru JIMBERE MAGAZINE, ikigo co mu gisagara ca Toulouse  gikurikirana ibijanye n-uruja n-uruza , OFII (office français  de l-immigration  et de l-integration)  cahavuye gifata ingingo yo guhagarika ivy-imfatakibanza  agafashanyo gasanzwe gahabwa abanyagihugu basaba ubuhungiro mw-ico gihugu. Abagiye barashika mu nyuma gusaba ubuhungiro bakaba bobo atako bigeze baronswa.  Bikavurwa iyo ngingo yakozeko cane uwo murwi w-abo banyeshure  basavye ubuhungiro mw-ico gihugu. Ayo makuru akaba anemezwa kandi na Fabrice Ndihokubwayo asanzwe arongoye ishirahamwe ry-urwaruka rw-abarundi rutuye mu bihugu vy-ubufaransa, Espagne, Monaco na Portugal.

Uwo arongoye urwo rwaruka rw-abarundi rutuye mw-ivyo bihugu twavuze hejuru yiganira JIMBERE MAGAZINE ko abo banyeshure b-abarundi bavyitwayemwo nabi ndetse baraniyononera kuko ngo uhejeje kwiga mw-ico gihugu ushobora  guhabwa akazi  aho nyene ndetse vyoroshe cane , aho mbere ngo usanga hariho ubuzi bwitwa bwagenewe gukorwa n-abanyeshure gusa kuburyo atawundi muntu bobuha.«mwene ubwo buzi ni bwinshi cane  ntushobora kububura» Niko Ndihokubwayo abandanya asigura.

 

Must Read