NEWS

Abanyeshure bo mu makaminuza barafise amakenga ku kibazo co gusubiza hamwe ku Barundi

By

on

Ivyo bikaba vyavuye mu kiganiro umukuru wo gusubiza hamwe no kunwanisha abarundi ‘’CVR’’, Pierre Claver Ndayicariye, yagiranye nabo banyeshure bo mu makaminuza ku kibazo co gusubiza hamwe hagati y’abarundi.

Abo banyeshure bo muri kaminuza bakaba barashize ahabona amakenga bafise ku kungene ico gikorwa kiriko kiragenda. Umwe mur’abo banyeshure akaba yavuze ko imirwi imwe usanga iri ukwabo bashinga n’ivyibutso bibuka ababo. Ngw’ivyo bigaca bivyura ugwanko mu bantu. Ati abiciwe ukamenga nibo bonyene babaye kandi impande zose zarabuze ababo. Abo banyeshure bakabaza uwo mukuru wa CVR ingene ico gikorwa cogenda neza bose bakisanzura.

Umukuru wa CVR, Pierre Claver Ndaticariye, akaba yishuye aba banyeshure bo mu makaminuza ko umusi abarundi bakize ibikomere vyo mu mutima kubera ababo bishwe hazokubakwa icibutso kimwe mw’ikomine yose, ati uko niko vyanditse mw’itegeko rigenga uwo murwi CVR. Pierre Claver Ndayicariye arahanura urwo rwaruka ruzorongora igihugu mu myaka irimbere kwirinda ico cose cosubiza igihugu mw’ihumbi.

Recommended for you