Unomusi abanyeshure barenga 20 bo mu buhinde bapfuye bivanye nuko vyunvikana ko bariye ivyo kurya birimwo isumu.
Nkuko tubitangarizwa nikinyamakuru BBC gikorera mubwongereza, bo bamenyesha yuko abo banyeshure ko bari bagiye gufata ivyokurya vya saa sita bityo ico kibazo niho caciye kiboneka, aho bavuga ko nibura abagera kuri 20 kobamaze kuhasiga ubuzima abandi nabo barenga 30 ubu ko barwaye cane.
Abanyeshure barenvye cane bahise babajana kumurwa mukuru w’iyo ntara kugirango barabe ko bogarura ubuzima bwabo , umu Ministri wiyontara ” P K Shahi ” yavuze ko izonrya abo banyeshure bariye ko zoba zirimwo uburozi bwo mubwoko bwa Phosphorus kandi akaba yavuze ko bariko barakora ibishoboka vyose kwiperereza kugirango babashe kumenya umuntu yatumye izonrya zijamwo uburozi nkubwo.
UBMNews turahojeje imiryango yose yabuze abanyeshure kandi tukaba twizera ko uwakoze ivyo bintu azofatwa agahanwa namategeko.
Posted by Eric Nyandwi