NEWS

Abanyeshure 110 baratwaye inda mu ntara ya Bujumbura

By

on

Ivyo biharuro vyatanzwe mu nama yariko ihuza buramatari w’intara ya Bujumbura, Nadine Gacuti, n’abarongoye intwaro n’abajejwe indero kur’uyu wa kane. Mugihe abanyeshure 11 bamaze gutwara inda z’ishushu muri kigice cakabiri c’umwaka w’ishure abandi banyeshure ba bigeme 99 bazitwaye mu mwaka uheze muriyo ntara ya Bujumbura.

Pregnant woman caressing her belly over gray background

Nadine Gacuti, buramatari w’intara ya Bujumbura akabona ko ivyo bibandanije uko bishobora guhangabanya umutekano w’imiryango no mu mashure, yaciye asaba uwurongoye indero mu ntara ya Buujumbura kumuha urutonde rw’abakobwa babanyeshure batwaye inda bari kuntebe y’ishure. Muriyo nama hakaba haravuzwe n’umunyeshure yatwaye inda aca ashaka kuyikorora aca arafatwa arafungwa ariko haheze imisi mike aca ararekurwa.

Mwomenya ko mu ntara zimwe zimwe hamaze gufatwa ingingo yo kubuza kugenda ijoro abigeme batarakwiza imyaka cumi n’umunani. Abaharanira agateka k’abigeme nabo bakabona kwari uguhonyanga agateka kabo.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply