NEWS

Abanyepolitique bamwe babona kw’ibiganiro vyaheze abandi ko bitarahera

By

on

Kubw’umuvugizi w’umugambwe FRODEBU, Phenias Nigaba, ibiganiro ntibirahera kuko President Yoweli Museveni yatumwe n’abakuru b’ibihugu vyo mu karere k’ubuseruko bwa Afrika ataravuga ko ibiganiro vyaheze.

Aho yari kuri micro y’iradiyo Isanganiro, Phenias Nigaba akavuga ko umuhuza w’abarundi atariwe yomenyesha ko ibiganiro vyaheze munyuma yaho inama y’umutekano ya ONU isavye ko ibiganiro bihuza Abarundi vyobandanya. Umuvugizi w’umugambwe FRODEBU avugako hari ibibazo vyinshi m’Uburundi bikwiye kuganirwako mu ntumbero yo kwitegurira neza amatora yo mu 2020.

Ariko Keffa Nibizi, umukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri suko abibona, wewe akavuga ko atabikiriho vyo kuganirirako ko nabahora baja mu biganiro bibera hanze bariko bitegurira amatora yo mu 2020 mugushinga imigambwe yemewe n’amategeko hamwe n’ingoro z’imigambwe yabo.

Keffa Nibizi akavuga ko abakuru b’ibihugu botangaza ko ibiganiro vyaheze kuko ngo mu nama iheruka batashikirije neza aho bahagaze ku biganiro. Umukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri arasaba umuhuza President Museveni yuguruye ibiganiro kumenyesha ko vyaheze kuko atabikihari vyo kuganirirako.

 

Recommended for you