Abanyarwanda bane bagizwe n-abagore batatu hamwe n-umugabo umwe barahungiye ku mutumba wa Nyakarama uri muri komine Bugabira, intara ya Kirundo, hari mw-ijoro ryo kuri uyu wa mbere.
Amakuru atangwa n-abanyagihugu bo kuri uwo mutumba ndetse akemezwa na Musitanteri, avuga ko abo banyarwanda baje bahunga urucanco rwa Covid-19 bavuga ko ruriko rutangwa ku nguvu mu gihugu c-urwanda.
Nkuko tubikesha iradiyo n-imboneshakure ISANGANIRO, Nuko Musitanteri wa Komine Bugabira, Eric Twizerimana yagerageje kwumvisha abo banyarwanda kugira basubire iwabo maze bemere urwo rucanco. Bitewe n-ukwemera kwabo, bararahiye bararengwa ko hakwo borwiteza bopfuma bapfa. Bagasigura ko izo ncanco ari iza Antikristo. Ico kibazo c-abo banyarwanda kikaba kigeze mu minwe ya Buramatari w-intara ya Kirundo, nkuko bibandanya bishikirizwa na Eric Twizerimana, musitanteri wa Komine Bugabira.