Thursday, June 8, 2023
HomeNewsAbanyarwanda bane barahungiye mu Burundi kukwanka guterwa ku nguvu urucanco...

Abanyarwanda bane barahungiye mu Burundi kukwanka guterwa ku nguvu urucanco rwa Covid-19.

Abanyarwanda bane bagizwe n-abagore batatu hamwe n-umugabo umwe barahungiye ku mutumba wa Nyakarama uri muri komine Bugabira, intara ya Kirundo, hari mw-ijoro ryo kuri uyu wa mbere.COVID-19 success story for Rwanda is a wake-up call for wealthy West - ABC  News

Amakuru atangwa n-abanyagihugu bo kuri uwo mutumba ndetse akemezwa na Musitanteri, avuga ko abo banyarwanda baje bahunga urucanco rwa Covid-19 bavuga ko ruriko rutangwa ku nguvu mu gihugu c-urwanda.

Nkuko tubikesha iradiyo n-imboneshakure ISANGANIRO, Nuko Musitanteri wa Komine Bugabira, Eric Twizerimana yagerageje kwumvisha abo banyarwanda kugira basubire iwabo  maze bemere urwo rucanco. Bitewe n-ukwemera kwabo,  bararahiye bararengwa ko hakwo borwiteza bopfuma bapfa. Bagasigura ko izo ncanco ari iza Antikristo. Ico kibazo c-abo banyarwanda kikaba kigeze mu minwe ya Buramatari w-intara ya Kirundo, nkuko bibandanya bishikirizwa na Eric Twizerimana, musitanteri wa Komine Bugabira.

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...