Mu gihe kuri uyu wa 13 Myandagaro ariho hibukwa imyaka 17 ihaciye habaye ubwicanyi bwakorewe abakongomani b-abanyamulenge barenga 160 bari mu nkambi mfatakibanza yo muri Zone Gatmba, Ata mvo itanzwe, Leta y-uburundi mukwishura urwandiko yandikiwe n-imiryango y-abanyamulenge baburiye ababo m-ubwo bwicanyi ruyisaba uruhusha rwo kubunamira, yamenyesheje ko bidakunda ko ico gikorwa kiba.
Twobamenyesha ko mu mwaka uheze mu kwezi kwa Kigarama, ivyandiko vyari ku cibutso c-abanyamulenge kiri muri Zone Gatumba vyarafutanganijwe n-abantu batamenyekanye ariko bikavurwa ko urwaruka rw-imbonerakure ,rwegamiye umugambwe CNDD-FDD hamwe n-umukuru wa zone Gatumba babigizemwo uruhara. Mw-ukwo kwonona ico cibutso, ibiti vyafasha mugushariza hakoreshejwe amashurwe kw-ico cibutso vyarasambuwe vyongera biratabwa. Amagufuri y-umwango mukuru arahindurwa, hongera hirukanwa abanyenyenzamu bararira ico cibutso.
Abatari bake baranegura inyifato Leta ya-uburundi yo kwankira imiryango y-abo banyekongo b-abanyamulenge kwunamira ababo bagandaguwe batanka, bakabona ko abantu bose bafitiye uburenganzira bwo kwunamira ababo ko kandi uwo mugirwa usanzwe ukorwa kw-isi yose, ko kandi batabona ikintu na kimwe ubwo burenganzira bwari kwononera Leta y-uburundi hamwe ibuhaye abo banyamulenge.