Sunday, March 26, 2023
HomeNewsAbanyamulenge baburiye ababo mu bwicanyi bwo mu Gatumba barankiwe kubibuka.

Abanyamulenge baburiye ababo mu bwicanyi bwo mu Gatumba barankiwe kubibuka.

Mu gihe kuri uyu wa 13 Myandagaro ariho hibukwa imyaka 17 ihaciye habaye ubwicanyi bwakorewe abakongomani  b-abanyamulenge barenga 160 bari mu nkambi mfatakibanza yo muri Zone Gatmba,  Ata mvo itanzwe, Leta y-uburundi  mukwishura urwandiko yandikiwe n-imiryango y-abanyamulenge  baburiye ababo m-ubwo bwicanyi  ruyisaba uruhusha rwo kubunamira, yamenyesheje ko bidakunda ko ico gikorwa kiba.United Nations Photo: CEMETERY OF THE GATUMBA MASSACRE VICTIMS

Twobamenyesha ko mu mwaka uheze mu kwezi kwa Kigarama, ivyandiko  vyari ku cibutso c-abanyamulenge  kiri muri Zone Gatumba vyarafutanganijwe n-abantu batamenyekanye ariko bikavurwa ko urwaruka rw-imbonerakure ,rwegamiye umugambwe CNDD-FDD hamwe n-umukuru wa zone Gatumba  babigizemwo uruhara. Mw-ukwo kwonona ico cibutso, ibiti vyafasha mugushariza hakoreshejwe amashurwe kw-ico cibutso vyarasambuwe vyongera biratabwa. Amagufuri y-umwango mukuru arahindurwa, hongera hirukanwa abanyenyenzamu bararira ico cibutso.

Abatari bake baranegura inyifato Leta ya-uburundi yo kwankira imiryango y-abo banyekongo b-abanyamulenge kwunamira ababo bagandaguwe batanka, bakabona ko abantu bose bafitiye uburenganzira bwo kwunamira ababo ko kandi  uwo mugirwa usanzwe ukorwa kw-isi yose, ko kandi batabona ikintu na kimwe ubwo burenganzira bwari kwononera Leta y-uburundi  hamwe ibuhaye abo banyamulenge.

 

 

Must Read