NEWS

Abanyamahanga bari bafatiwe mu Burundi barungitswe mu Rwanda

By

on

Abanyamahanga bane bagizwe n’abaganda batatu hamwe n’umuzungukazi umwe afise ubwenegihugu bwa Australia bari bafatiwe mu Burundi ku kiyaga Rweru barungitswe mu gihugu c’Urwanda, aho akaba ari inyuma y’iminsi itatu bari bamaze bapfungiwe mu gasho ka komine Giteranyi, intara ya Muyinga.

Nk’uko igiporisi gikorera ku rubibe kibimenyesha, abo bannyamahanga bane bariko biyunguruza bakoresheje ubwato, barengana uruhande rwo mu Rwanda binjira ku ruhande rw’Uburundi batabifitiye uruhusha, aba arikwo gufatwa n’igiporisi c’Uburundi.

Abo banyamahanga basiguriye abajejwe umutekano ko ari ingenzi, ko bariko batembera mu kiyaga Rweru ku ruhande rw’Urwanda, kandi ko batigeze bamenya ko barenze urubibe binjira mu Burundi. Nk’uko abo bafashwe babandanya babisigura, nta kimenyetso na kimwe ceberetse ko barenze uruhande rw’Urwanda bari baje bavamwo.

Inyuma y’ugufatwa, baciye bajanwa gupfungirwa mu gasho k’igiporisi i Muynga, inyuma y’amatohoza ingingo yafashwe ikaba yabaye iyo kubarungika mu gihugu c’Urwanda, kuko bari bafise uruhusha (Visa) rw’igihugu c’Urwanda.

Imigenderanire y’Uburundi n’Urwanda ntiyifashe neza kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015 hatanguye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Uburundi bwagiriza Urwanda ko rukorana n’abahungabanya umutekano w’Uburundi, ko rwigisha ibirwanisho abatera Uburundi, kandi ko rwakiriye rwongera rukorana n’abashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.