NEWS

Abanyamahanga bamwe bamwe baba mu Burundi bagiye kwirukanwa.

on

Umukuru w’igigugu c’Uburundi, Pierre Nkurunziza, yamenyesheje ko abanyamahanaga bose baba mu Burundi bidaciye mu mategeko bagiye kwirukanwa bagasubizwa mu bihugu vyabo.

Ivyo vyavuzwe na Jean Claude Karerwa umuvugizi w’umukuru w’igihugu ku musi wa kabiri itariki 7 Rusama 2019.

Karerwa yaravuze ko hibonekeza cane uruja n’uruza mu ntara zihana imbibe n’ibindi bihugu nka Bujumbura, Ngozi na Bubanza.

Umukuru w’igihugu c’Uburndi yasavye ko abategetsi bakora ibishoboka kugira bagumize ijisho kuri aba banyamahanga baba mu Burundi mu buryo buciye kubiri n’amategeko. Ivyo navyo biba biciye ku nyabune igizwe n’igipolisi, comite z’umutekano, abanyagihugu hamwe n’ubutegetsi”, niko Karerwa yavuze.

Karerwa akaba kandi yavuze ko abakoresha amatelefone yo mu bwoko bwa none ariyo bita Smartphones bari mu busho bagiye kuyakwa kugira ngo hirindwe gukwiragiza amakuru atari yo muri kino gihe hegereje amatora ya 2020.

Recommended for you

1 Comment

  1. Niyonzima Richard

    May 12, 2019 at 7:54 am

    Ahubwo iyo ngingo yari yaratevye uravye ukungene Natwe abarundi bitugora kwinjira mubindi bihugu?utibagiye KO benshi bahabaye bikorera amanyanga y’urudandazwa n’ibindi.

Leave a Reply

Your email address will not be published.