NEWS

Abanyagihugu b’i Uvira bavuga ko habaye imigwano ikomeye hagati ya RED Tabara n’Ingabo z’Uburundi.

on

Mu gihe hariko haravurwa ibijanye n’uko hari ingabo z’Uburundi zoba zarajabutse mu gihugu kibanyi n’Uburundi, RD congo, guhangana n’imirwi igwana y’Abarundi, abanyagihugu baba mu karere kabereyemwo iyo migwano i Uvira baremeza iyo migwano maze bakavuga ko hari abahasize ubuzima harimwo n’ingabo z’Uburundi.

Abo banyagihugu biganiye iradiyo ijwi rya Amerika ko iyo migwano yari ikaze cane.Muri ako karere, hasazwe hacumbitse imirwi y’Abarundi igwana nka Red Tabara, Forebu hamwe na FNL ya Aloys Nzabampema.

Ariko rero umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, Floribert Biyereke yamenyesheje VOA ko ayo makuru ajanye n’iyo migwi y’Abarundi bagwana muri Kongo atayo bazi, anamenyesha ko umutekano wa Kongo wobazwa abakongomani.

Umviriza ngaha uko umunyagihugu umwe yiganiye VOA Ijwi rya Amerika:

Recommended for you