NEWS

Abanyagihugu bagiye gutanga intererano y’amatora ku ncuro ya kabiri

By

on

Reta y’Uburundi yatanguje isekeza ry’ugutoza mu banyagihugu amafaranga y’intererano y’amatora yo mu mwaka w’2020. Ayo mafaranga azotozwa ku rugo rumwe rwose angina n’ibihumbi bibiri ku mwaka, hamwe n’amafaranga igihumbi ku mwaka nyene azotangwa n’abanyeshure, umwe wese ku gatwe kiwe.

Terence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko ayo mafaranga azotangura gutozwa kuva kw’igenekerezo rya 31 Mukakaro 2018, gushika kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2018, iyo ikazoba ari intererano y’uwu mwaka 2018

Muri uwu mwaka w’2018, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bivuga ko bwiteze intererano izova mu banyagihugu igera ku miriyaridi hafi zitanu z’amarundi, ico gikorwa kikazomara imyaka ibiri, uw’2018 hamwe n’uw’2019.

Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta buvuga ko amafaranga y’amatora y’2020 akenewe arenga gato imiriyaridi 70.

Tubamenyeshe ko iyo ntererano igiye gutozwa mu banyagihugu mu gihe abakozi ba Reta hamwe n’abikorera ivyabo basanzwe bakatwa amafaranga y’amatora, ku mishahara yabo. Bamwe n’abandi bakavuga ko iyo ntererano igiye gutozwa irigira kabiri, ari nk’ugusongera isibe, ku munyagihugu yari asanzwe ari mu bukene.

Recommended for you