INTERNATIONAL NEWS

Abanyafrika ubu bahagurutse baruhuka bakuyeho uwubatwara.

on

Ibintu biriko biraba muri Afrika bituma aba na bariya bibaza ikibazo kinaka kukuntu Abanyafrika ubu bahaguruka bakirukana umukuru w’igihugu wabo.

Ivyabaye uyu musi nuko umukuru w’igihugu ca Sudani, Omar Al Bashir yakuwe ku butegetsi n’igisirikare. Ibinyamakuru bimwe bimwe nka CNN bikavuga mbere ko Bashir yoba yafashwe icamaso maze agafungwa.

Igisirikare ca Sudani kikaba citeze gutanza itangazo rihumuriza abanyagihugu ba Sudani bamaze amezi  bariko bakora imyiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi bwa Bashir.

Ibiheruka kuba kandi biratanganje: muri Algerie, umukuru wico gihugu aheruka kwirukanwa n’igisirikare, Buteflika, yari yarahiye ararengwa ko atava ku butegetsi, ariko biciye mu myiyerekano y’abanyagihugu n’igisoda, uwo mutegeysi yari amaze imyaka myishi atwara ico gihugu yarakuwe ku butegetsi.

Bashir akaba yari atwaye igihugu ca Sudani kuva mu mwaka wa 1989.

Mwokwibuka ko no mu Burundi vyigeze kuba mu mwaka wa 2015 aho igisirikare c’Uburudi cahatswe gufata ubutegetsi biciye ku gukuraho intwaro yari ihari.

None vyoba bisigura ko ubu abategetsi ba Afrika biganzira ku butegesti bagiye kuza barakurwaho n’imyiyerekano y’abanayagihugu hamwe n’igisirikare? Canke bigiye gutanga irindi zina nka rya rindi ryiswe ‘Printemps arabe’ aho intwaro zitari zike z’ibihugu vya Afrika y’Uburraruko zahinduka biciye ku gushaka kw’abanyagihugu.

Ubu naho hagezweho intwaro za Afrika yo musi ya Sahara, none vyoba bigiye kuvyura ‘Printemps Afrique Sub-saharien”?Nivyo kuraba iyo bitera bija.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.