Thursday, June 8, 2023
HomePoliticsAbanya Ukraine basangiye ingorane n'abarundi ikibatandukanya nuko bobo baronse ababafasha kurwana -SINDUHIJE.

Abanya Ukraine basangiye ingorane n’abarundi ikibatandukanya nuko bobo baronse ababafasha kurwana -SINDUHIJE.

Abanyagihugu bo muri Ukraine basangiye ingorane n’abarundi ariko ko Imana bagize ari uko bobo baronse ababafasha kurwanya agacinyizo. Isi yose isabwa kubona amagorwa abarundi barimwo nkuko iriko ibona ivya Ukraine. Vyatangajwe kuri uyu w’Imana na Alexis SINDUHIJE arongoye umugambwe MSD. SINDUHIJE akaba yabivugiye mu mwiherero w’imisi itatu uwo mugambwe warumazemwo mu gihugu i Bruxelles mu gihugu c’ububirigi.

Ku kibazo kijanye n’intambara yo mu gihugu ca Ukraine, umukuru w’umugambwe MSD asigura ko abanya ukraine ata na kimwe kibatandukanya n’abarundi iki gihe afatiye ku magorwa n’agacinyizo bose barimwo. Ko gusa itandukaniro rito rihari ari uko Abanya ukraine baronse ababarwanira mu kwikurako agacinyizo k’uburusiya. Alexis SINDUHIJE ati :« … ububabare bw’abanya ukraine ni ububabare bw’abarundi uno musi, Imana abanya ukraine baronse ni uko baronse imfashanyo. Abarundi iki gihe bari mu gacinyizo , baricwa, barangazwa,.. Ico natwe dusaba nuko amarira, amaborogo , akarenganyo isi yose yobibona nkuko babonye ivya ukraine».

Mw’uwo mwiherero wari watunganijwe n’umugambwe MSD, Alexis SINDUHIJE avuga kandi ko ukwihebura kwugarije abarundi yasanze biri mu bituma uburundi butava mu ngorane burimwo. « nukwo kwihebura hatuma haba abantu batitanga cane , rero ku bwacu ikintu kintu kinini twabonye muri uyu mwiherero, twarasanze abantu baradebukiwe ivyo rero nivyo tugiye guhagurukira dukore cane tubereke yuko ukwihebura bidatuma batava mu ngorane barimwo ko ahubwo ukwitanga arivyo bizotuma bazivamwo» Niko Alexis SINDUHIJE asigura.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...