NEWS

Abantu bitwaje inkoho binjiye mu ntara ya Rutana

By

on

Umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho wahungabanije umutekano mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, ku rubibe intara ya Makamba ihana na Rutana, muri komine za Kayogoro na Bukemba.

Uwo murwi warashe amasasu ku ruhande rwa komine Kayogoro intara ya Makamba, abo bitwaje ibirwanisho baca binjira muri komine Bukemba, intara ya Rutana.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko abajejwe umutekano bakurikiranye abo bagizi ba nabi, gushika aho bica umwe muribo, bamutwara n’inkoho yari afise. Abandi bari kumwe n’uwo murwi ntawamenye aho bazingamiye.

Mu giporisi bavuga kandi ko uwo murwi utashoboye kumenyekana.

Recommended for you