NEWS

‘Abantu bikekwa mu Burundi muze murabashikiriza abategetsi’, Pascal Barandagiye

on

‘Abantu bikekwa mu Burundi muze murabashiriza abategetsi’, niko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal Barandagiye, yamenyesheje.

Izi ngingo zishasha ziriko ziza inyuma yaho Uburundi bwagiriji igihugu c’Urwanda ko kiri inyuma y’igitero cahitanye abasirikare b’igihugu c’Uburundi mirongo.

Abanyagihugu bakaba basabwa n’Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kumenyesha abategetsi uwo wese yiketwse kuba ari mushasha.

Muri iryo tangazo, bikavurwa ko mu gihe cose umubanyi w’uwundi azoba yakiriye abantu bateye amakenga azoca ashikirizwa ubutegsti kugira amatohoza akorwe.

Ababa ku mupaka w’igihugu c’Urwanda bobo babwirwa kuba maso cane mu kuraba abinjira n’abasohoka kugira ngo ‘uwansi’ ntabace mu ryahumye.

Mwomenya ko Uburundi bwagabishije ko bushobora gusubiza Urwanda mu gihe rwosubira gutera Uburundi nk’uko leta y’Uburundi ibivuga.

Ibi na vyo leta y’Urwanda ivyamirira kure, ko ari amakuru adafashe leta y’Uburundi iriko irashira ahabona.

Recommended for you