INTERNATIONAL NEWS

Abantu Benshi bari Biteze Cane Umubonano Hagati ya Trump Na Putin

on

Imbere y’uko Inama idasanzwe y’ibihugu 20(G20) bitunze kurusha ibindi kwisi, harabaye ikintu abantu besnhi bari biteze cane: Umubonano hagati ya Donald trump na Vladmir Putin( Abagabo babiri bivugwa ko ari bo bakomeye cane mwisi muri kino gihe kurusha abandi).Ariko nkuko Trump asa nuwusugerejwe muhira iwe kubera kwagirizwa ko uburusiya bwoba bwaragize uruhara mu matora ya 2016 muri Amerika maze Uburusiya bugafasha Donald Trump gutsinda, ico kibazo nico Trump yatanguye kubaza Vladmir Putin kugira akure amakenga abanyamerika bafise.

Mbere abihweza ibintu n’ibindi barihweje nuko abo bagabo babiri bakomeye baramukanije maze barabona ko abo bagabo bose basa n’abatinyana ubaravye mu maso, nkakarorero Donald Trump aravugwa na benshi ko yerekanye icubahiro kuri Putin mu kumuramutsa n’amaboko yose;abandi bakabona ko Putin yerekanye ubugoyagoye mu kubona ataraba cane Donald Trump mu maso ariko aravuga mu gihe Donald Trump wewe yamugumizako ijisho.

Inyuma yaho iyo nama imariye igihe kinini ugereranije( hafi amasaha abiri n’inusu) n’umwanya wari witezwe imara, impande zose uko ari zibiri zavuze ko iyo nama yavuyemwo iciza, ariko abo bategetsi babiri bakaba batahuje ku kuntu ibivugwa vy’uko Uburusiya bwisutse mu matora ya Amerika vyagenze.

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’uburusiya, Sergei Lavrov yavuze ko “Trump yavuze ko yumvise amajambo atahuritse…. Ko abategetsi b’Uburusiya batagize uruhara mu kwisuka mu matora ya Amerika 2016, kandi akaba yaremeye ivyo abwiwe”.

Naho biri ukwo, Umunyamabanga mukuru wa Leta Zunze Ubumwe Za Amerika, Rex Tillerson yavuze ko Trump “yuguruye iyo nama na Putin mu kuvyra amakenga ku vyerekeye amatora ya Amerika ko Uburusiya bwoba bwarayisutsemmwo”.
Tillerrson abandanya ati” Trump na Putin barakoze ikiganiro gikometye kandi kirekire ku vyerekeye ico kibazo”.

Vladmir Putin( i Bubamfu) na Donald Trump( i Buryo) imbere yuko Inama ya G20 itangura.

Ariko Rex Tillerson amenyesha ko muri rusangi bitaratahurika ko ivyo bihugu bibiri bikomeye cane kwisi bashitse kuco bahurizako.
Ibindi bintu vyaganiriweko n’abo bategetsi babiri bakomeye kwisi harimwo intambara iriko ibera muri Syria, iterabwoba hamwe no gukora ibitero vyo kuri internet( cybercrimes).

Ariko rero icari citezwe cane ko abo bategetsi babiri bayagako ni ikibazo ca Koreya ya Ruguru, ariko ico kibazo kikaba kitagarutse muri iyo nama. Ivyo biri uko kubera mu nama y’umutekano ya ONU iheruka kuba ku musi wa gatatu w’iyi ndwi turimwo ibihugu vy’Uburusiya na Amerika bitahurije ku kuntu iki kibazo cotorerwa umuti. Amerika iti: “Turiteguriye gukoresha inguvu za gisirikare kuri Koreya ya Ruguru”; ariko Uburusiya hamwe mbere n’Ubushinwa bakabona nyabuna ko ikibazo ca Koreyaya Ruguru cotorerwa umuti biciye mu nzira y’Ibiganiro.

Recommended for you