N’igitangaza kibonetse bikaba bibonetse inyuma yaho benshi muri twebwe twari tuzi yuko umuririmvyi Lolilo adashobora naho vyoba bimeze gute gusomana na Queen Flo .
Lolilo ari kumwe na Loliane hamwe na Queen Flo umukunzi wiwe wa kera bavyaranye n’umwana w’umukobwa bifotoje bari kumwe bariko barasomana . Tubonye ayomashusho vyaradutangaje cane kuko twari dusanzwe tuzi yuko badacana uwaka uko ari batatu . None vyoba vyavuye kuki kugira bahurire ahantu hamwe basangire , basomane ? Nkuko tubikesha umuririmvyi Mkomboz, yari kumusi w’ejo igenekerezo rya 4/11/2014 Umuririmvyi Lolilo hamwe n’umugore wiwe Loliane bamugiriye suprise Queen Flo , aho bamusohoye kugira baje kumuhimbariza umusi mukuru wokwibuka ivuka ryiwe . Ivyo bikaba vyaramuryoheye cane birenze Queen Flo kuko atavyo yari yiteze na gato .