Umuririmvyi ndetse akongera akaba n’umukinyi wamareresi ( Movies ) Kook-k azanye ihinduka mu mareresi y’abarundi, ibi rero bikaba vyibonekeza muri Movie nshasha aheruka gushira kumugaragaro, aho abantu benshi bakomeje kuyikunda ndetse kugeza ubu bikaba biboneka ko ino movie iri muya mbere abarundi bakinye ikaza imeze neza cane.
UBM News twagerageje kuganira n’abamwe bamaze kuraba ino movie nshasha ya KOOK-K aho bo bavuga ko ari ikintu kinezereje kubona abarundi nabo basigaye bakina ibintu vyiza biryoshe kuraba kuri Television,ngo bitandukanye nuko bo bahora bavyibaza.
Umwe mubo twaganiriye yagize ati : irya Movie narayikunze gose, abarundi nkunze kunva bavuga ngo ntiboshobora gukina ama movie ariko maze kubona irya movie ya KOOK K vyanyeretse ko hari ababishoboye ndetse kubwanje ndabona ko aribo bazonatuma i reresi z’ikirundi zitera imbere, akarorero nurabe hano muri America, ninde murundi numwe urabona amaze gukina imovie imeze neza nkiyi, vyovyo abarundi baha natwe tuhakure icigwa kurino Movie
UBM News dushima intambwe Kook-k agezeho, mukuba agerageza gukora ndetse no kuzanira abarundi ikintu kimeze neza kiryoshe kuraba.