NEWS

Abantu batatu barishwe mu ndwi iheze mu gisagara ca Bujumbura.

on

Abantu batatu barishwe mu ndwi iheze mu gisagara ca Bujumbura, kandi bicwa mu mimerere itandukanye ku musi wa gatandatu itariki 9 Ruhuhuma 2019, nk’uko igipolisi cabimenyesheje.

Umwe yishwe yatowe ikiziga kandi yaciwe umutwe muri Zone ya Kinama, Quartier Carama mu Buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Uwundi igipolisi c’Uburundi kimenyesha yishwe n’uwusanzwe ari muri babandi badandaza umubiri(malaya), Audrine Ntirampeba, afise imyaka 24, yiciwe muri Zone Buterere, akaba yasanzwe yapfuye ari kuri matela.

Uwundi yishwe ni umukozi yakora muri OIM, yamuka muri Sudani, Samuel Gonda. Uwo yishwe akaba yasanzwe ari mu cumba iwe yapfuye muri Quartier ya Kinanira ya gatatu, muri Zone Musaga, mu Bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.

Igipolisi c’Uburundi kikaba kimenyesha ko catanguje amatohoza kuri izo nkozi z’ikibi.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply