NEWS

Abantu batanu barahatswe kwicwa muri komine Buhiga mu ntara ya Karusi

By

on

Ivyo vyabaye kur’uyu wa kabiri mu gitondo aho abantu batanu begeranywa ku mutumba Gisenyi muri komine Buhiga mu ntara ya Karusi. Abo nabo bakaba bagirizwa uburozi kuva aho hatorewe umukobwa yapfuye haraheze amezi atanu, abenegihugu bo murako gace bakaba bamutoye adakomeye neza mu mutwe ariko bakemeza ko bari bamuhamvye.

Igipolisi caciye kinyaruka gutabara abo bantu batanu ariko bane bari bamaze gukomeretswa cane. Bakaba baciye bajanwa kwa muganga vyihuta ariko babiri muribo barakomeretse cane nkuko bimenyeshwa n’abaganga. Igipolisi kikaba carinze kurasa hejuru kugira abanyagihugu bashwiragire.

Bulamatari w’intara ya Karusi, Mbarushimana Carinie na mustanteri w’i komine ya Buhiga bakaba nabo nyene baciye bashika kur’uyo mutumba aho bihanikirije abenegihugu gusubira kwihanira. Bakaba kandi barabahanuye kuvavanura n’ibintazi bibajana mubirozi.

Recommended for you