NEWS

Abantu batanu bafashwe bagirizwa gufuta ivyandiko vya CNDD FDD

on

Abagabo batanu bo ku musozi Busaga, zone Murago, komine Burambi, intara ya Rumonge bari mw’ibohero kuva ku munsi wa kane w’indwi twaraye dusozereye. Bose bagirizwa ko aribo bafuse ivyandiko biri ku cibutso c’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi.

Abafashwe n’umukuru w’igiporisi c’i Burambi ni Mélance Irambona, Emmanuel Niyonganji, Pascal Ahishakiye, Rénovat Ninteretse, hamwe na Jean Bosco Niyomwungere.

Ico cibutso c’umugambwe CNDD FDD cahanaguweko ivyandiko kiri ku musozi Busaga, ahanzwe haba abo bagabo bafashwe.

Inyuma y’ugutabwa muri yompi, baciye bajanwa gupfungirwa ku gasho k’igiporisi kari i Murago, ku murwa mukuru wa komine Burambi.

Imiryango y’abo bafashwe isaba ko amatohoza ataho yegamiye yokorwa, kugira abo bafashwe ntibahorwe ivyiyumviro vyabo vya poritike.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.