NEWS

Abantu batanu babanyamahanga bapfuye muri Afrika Yepfo

By

on

Ibisagara vya Johannesbourg, Pretoria na Kwazulu Natale nivyo cane bibangamiye n’imyiyerekano y’abanyafrika yepfo baba mur’ivyo bisagara. Abo nabo bakaba bariko biyamirizwa igandagurwa ry’umudereva w’umunyafrika yepfo yagandaguwe n’umunyanigeria, uwo nawe bikavurwa ko yariko amubuza kudandaza urumogi ku banyeshure, amakuru dukesha abarundi baba muri Afrika yepfo nabo nyene batekewe n’ubwoba.

Police patrol the streets after overnight unrest and looting in Alexandra township, Johannesburg, South Africa, September 3, 2019. REUTERS/Marius Bosch

A shoe shop owner is helped by a staff member to inspect the damage caused by looters in Germiston, east of Johannesburg, South Africa, Tuesday, Sept. 3, 2019. Police had earlier fired rubber bullets as they struggled to stop looters who targeted businesses as unrest broke out in several spots in and around the city. (AP Photo/Themba Hadebe)

Imyiyerekano ikaba yaciye yaduka mur’ivyo bisagara bitatu bigamije gutuza abanyamahanga babibamwo cane cane abava mu gihugu ca Nigéria ariko nabandi bava mu bindi bihugu nabo nyene bakaba bafise ubwoba bwinshi kuko abo banyafrika yepfo babagiriza kubatwara ubuzi nabo bari mubushomeri.

Igipolisi kikaba caciye gishwara amabarabara, abantu bashika 189 bakaba baciye batabwa muri yompi. Amamangazines arenga mirongo akaba yarasahuwe araturirwa. Umukuru w’ico gihugu ca Afrika Yepfo, Cyril Ramaphosa, akaba yiyamirije iyo migumuko agasaba igipolisi guhagarika urwo ruhagarara.

Abakuru b’ibihigu vya Ghana na Nigéria bakaba nabo biyamirije iyo migumuko yica igaturira amaduka y’abanyamahanga. Mwomenya ko nko mu bihugu vya Nigeria na RDC batanguye guhamagarira kwirukana abava mu gihugu ca Afrika Yepfo.

Mwomenya ko murico gihugu ca Afrika Yepfo haza gukoranira ikoraniro kaminuza ry’ubutunzi bwa Afrika aho abakuru b’ibihugu 11 ba Afrika baza gukoranira mur’ico gihugu. Ico kibazo c’umutekano muke ku banyamahanga kikaba kuza kwihwezwa.

Recommended for you