NEWS

Abantu Bashika70 000 Barakenwe Gufashwa Vyihuta Mu Gihugu Cose.

on

Leta y’Uburundi yaraye imenyesheje ko ikeneye amafaranga angana n’imiliyoni 380 y’amadolari y’Abanyamerika( ayarenga imiliyaridi 1000 mu mafaranga y’Amarundi, ayahakwa kungana kandi n’amahera Leta y’Uburundi ikoresha ku mwaka) kugira abantu barenga 70 000 batishoboye mu gihugu cose bashobore gufashwa, nk’uko umushikiranganji Martin Nivyabandi yabimenyesheje ejo ku musi wa kane itariki 24 Munyonyo 2017.

Martin Nivyabandi, umushikiranganji ajejwe ibijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi, yamenyesheje ati: “Igihe ayo mafaranga yoboneka, azoca akoreshwa mu kiringo c’imyaka itanu guhera 2017 gushika mu 2021, nk’uko bisabwa n’amategeko y’igihugu mu bijanye no kwitaho ba ntahonikora n’abahuye nivyago abisasba”.

Martin Nivyabandi yabandanije ati: “ Uyu murwi w’abantu batishoboye ugizwe n’abahungutse, abateshejwe izabo bari mu gihugu hagati, abahoze ku rugamba, ibimuga, abapfakazi, impfuvyi, abagwaye ingwara zidakira, abatwa, ba Nyamwema hamwe n’abandi bahuye n’ivyago vy’ivyaduka”.

Mu gihe mu gihugu c’Uburundi hari abantu barenga imiliyoni 11, 90 kw’ijana y’abanyagihugu babeshejweho n’Uburimyi. Igihugu c’Uburundi kikaba gikunze guhura n’ivyago vy’ivyaduka maze bigatuma ibiterwa vyononwa n’imvura nyinshi canke uruzuba, hariko inyerera ry’ Ubutaka( glissements de terrains)) hamwe n’imyuzurira.

Uburundi ni kimwe mu bihugu bikenye cane kw’isi nkuko Banki y’isi ibimenyesha, aho 65 kw’ijana vy’abanyagihugu usanga babeshejweho n’amafaranga adashika idolari rimwe ku musi( nka 2000 mu marundi). Banke y’isi yose ikaba iheruka kandi kumenyesha ko mu miliyoni 11 z’Abarundi hakenewe gufashwa vyihuta abashika imiliyoni 6 z’abantu.

Ibintu bikaba vyagiye kwunyuka kuva muri Ndamukiza 2015, aho hatangura imigumuko yo kwiyamiriza ikindi kiringo ca Pierre Nkurunziza, aho haciye hakurikira abataye izabo barahunga, abandi baricwa, maze ubutunzi bw’igihugu bubandanya busubira inyuma ku buryo ubu Uburundi ari igihugu ca mbere gikenye kw’isi yose, kandi cahora kigira gatatu inyuma ya Malawi na Sudani y’Epfo.

Recommended for you