Thursday, December 1, 2022
HomeNewsAbantu barenga ibihumbi 500 nibo bakeneye imfashanyo vyihuta y'imfungurwa mu Burundi (PAM).

Abantu barenga ibihumbi 500 nibo bakeneye imfashanyo vyihuta y’imfungurwa mu Burundi (PAM).

Ikibazo c’ubukene bw’igitoro  ni kimwe muvyunyuye ubuzima buzimvye  busigaye bwibonekeza mu gihugu c’uburundi. Nkuko biri mucegeranyo cashizwe ahabona kuri uyu wa 26 Rusama 2022 n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe imfungurwa kw’isi (PAM), Ikibazo c’inzara gushika ubu kiracahanze igitigiri kitari gito c’abarundi  mu mihingo itandukanye y’igihugu . PAM ikamenyesha ko abantu barenga ibihumbi 500 aribo bakeneye imfashanyo vyihuta  mu bijanye n’imfungurwa.A woman sits with her children, Burundi

Nkuko tubisoma mw’ico cegeranyo c’ishirahamwe PAM, Abarundi bangana ibihumbi amajana 506 nibo iryo shirahamwe mpuzamakungu ryo kw’isi rivuga ko bakeneye vyihuta imfashanyo ijanye n’imfungurwa  mu Burundi. Iryo shirahamwe ryerekana ko naho bose bamwe abugarijwe n’ibibazo bitandukanye bangana ibihumbi 947, Abangana ibihumbi 506 nibo ahanini bugarijwena kigoyi gushika ubu. Nkuko ribicishije mw’ishirahamwe rya ONU ryitaho abahuye n’ibiza ryita OCHA, ryari ryabishikirije mu kwezi kwa Ruhuhuma  mw’uw’umwaka turimwo, nuko nubu igice kinini c’igihugu kirangwamwo ikigoyi . Aha PAM ariko ikavuga koi co kibazo kirushirizaho kwiyongera aho ubu hakenewe imfashanyo zihuse ziharurwa mu miriyoni 18 n’ibihumbi 700 vy’amadorare y’abanyamerika  kugira abo bantu bugarijwe n’ikigoyi bashobore kwitabwaho. Vyongeye, Iryo shirahamwe rimenyesha ko n’ibiciro kuri bimwe bimwe mu bifungurwa vyankenerwa imiryango yikorako mukubaho vyaduze kurusha uko vyahora , mugihe n’ikirere mu mwaka wo 2021 kitagenze neza mu ntara zitandukanye , ivyo navyo bikaba ata kindi vyakoze atari uguhuhura ivyari bisanzwe bihura .

Naho iryo shirahamwe rivuga ko ryagerageje gutanga imfashanyo bantu ibihumbi 54.557, nubu ribona ko impinga ikiri ndende , ivyo bigaterwa nuko hakiri igitigiri kinini c’abatagira ico bafungura , ahandi naho bafungura nabi . Benshi muri abo bugarijwe n’ikigoyi kubwa PAM, ni abataye izabo bari mu gihugu, abahunguka hamwe n’abahuye Ibiza vy’imyuzurira . Aha PAM ikadomako urutoke intara za Kirundo, Rutana , Cankuzo na Ngozi ko irimwo izisinzikaye gusuma izindi.

Muri ico cegeranyo, Iryo shirahamwe rigasaba amashirahamwe abishoboye kugira ico akoze kugira bagarukire abo barundi mu maguru masha kuri iyo miryango yugarijwe na kigoyi.

Must Read