Sunday, March 26, 2023
HomeNewsAbantu barenga 70 barishwe mu Burundi mu kiringo c-ukwezi n-igice.

Abantu barenga 70 barishwe mu Burundi mu kiringo c-ukwezi n-igice.

Ishirahamwe SOS TORTURE rijejwe guharura no kwegeranya ibiharuro vy-ababa bishwe ataco bazira rimenyesha ko abantu barenga 70 ari bo bishwe kuva mu kwezi kwa gatanu k-uw-umwaka turimwo wa 2021.Burundi : massacre dans un village frontalier de la RDC

Kubw-iryo shirahamwe, rimenyesha ko ubwicanyi mu Burundi bwasubiye gufata umurindi mu nini hirya no hino mu gihugu c-uburundi bugahitana abanyagihugu b-inzirakarengane. Iryo shirahamwe riravuga ku gitero c-abantu bitwaje ibirwanisho cakozwe mu ntara ya Muramvya ku ngenzi zari mu miduga ziriko zirengana hari kuwa 9 Rusama aho abantu 13 bahasize ubuzima, hamwe n-abakomeretse cane.Murico cegeranyo kandi, intara ya CIBITOKE iza mu za mbere yishwemwo abantu beshi kuruta izindi ntara. Aho hagiye haratorwa mu bice bitandukanye vy-iyo ntara ibiziga vy-abantu  nka beshi nta mwidondoro wabo wamenyekanye.

SOS TORTURE iragaruka kandi ku bantu 8 biciwe mu bitero vya gerenade mugisagara ca Bujumbura hari kuwa  25 Rusama aho gushika ubu ababikoze bataramenyekana. Izindi ntara zavuzwemwo abishwe ni intara ya Muyinga, Makamba,  Rumonge, Bujumbura-Rural, Kirundo. SOS TORTURE ntiyibagiye kuvuga abagiye barafatwa hadakurikijwe amategeko mu mihingo itandukaye y-igihugu na cane cane ahagiye haraberamwo ibitero vy-imirwi y-abitwaje ibirwanisho itamenyekanye.

Iryo shirahamwe mu kurangiza riravuga abadomwako urutoke mw-ubwo bw-icanyi ko ari bamwe mu bajejwe umutekano, urwego rw-iperereza hamwe n-urwaruka rw-imbonerakure rwegamiye umugambwe uri k-ubutegetsi CNDD-FDD.

 

 

 

 

Must Read