Tuesday, February 7, 2023
HomeNewsAbantu barenga 20 ku musi nibo basanga barwaye Covid-19 mu gisagara ca...

Abantu barenga 20 ku musi nibo basanga barwaye Covid-19 mu gisagara ca Bujumbura.

Abantu barenga 20 ku musi nibo basanga barwaye umugera wa Covid-19 mu gisagara ca Bujumbura kuva mu ndwi iheze . Bamwe mu bajejwe gupima uwo mugera wa Corona bavuga ko umaze imisi warwiriranye ku murwa mukuru w’ubutunzi I Bujumbura hamwe no mu micungararo yaho.

Kuva ku musi wa kabiri w’indwi iheze , niho ibitigiri vy’abanduye umugera wa Covid-19 vyasubiye kuza birongererakana cane mu gisagara ca Bujumbura. Umwe mu bapima uwo mugera akorera mu gisagara ca Bujumbura mu kibanza ca Bon accueil atashimye kwivuga izina ku mvo z’umutekano wiwe, avuga ko ubu abo basanga barwaye iyo ndwara baba baba bari hagati ya 20 na 30 ku musi kandi ko hari igitigiri kinini c’ababa baciye mu kibuga c’indege ca Bujumbura bavuye mu mahanga.

Abasanzwe bapimira uwo mugera mu kibanza ca Ruziba bamenyesha ko nahone uwo mugera wongerekanye cane. Bakavuga ko habayemwo ukwijajara na cane cane mu kudakwirikiza amabwirizwa yo kwikingira uwo mugera harimwo cane cane ugukaraba kenshi n’amazi meza n’isabuni .Iyindi ngorane, ngo nuko mu kibanza co kuri Bon accueil ari ho gusa hasigaye hapimirwa cane uwo mugera, mu Ruziba ngo biracumbagira nayo ngo mu bindi bibanza basa n’abahevye gupima uwo mugera.

Must Read