NEWS

Abantu Bane Bishwe Mu Bubiligi barashwe.

on

Inkozi y’ikibi yaraye yishe abantu bane mu gihugu c’Ububiligi hariwo abapolisi babiri bo muri ico gihugu mu gace ka Liege.

Uwo mwicanyi, yitwa Benjamin Herman, akaba yari yahagaritswe n’igipolisi ejo ku musi wa kabiri amaze kwica abantu batatu mu kubarasa n’inkoho yatse umupolisi.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu Bubiligi akaba yamenyesheje uyu musi wa gatatu kuri Associated Press ko Benjamin Herman, afise imyaka 36, yishe abantu bane, umwe akaba yamwishe imbere y’uko ahagarikwa n’igipolisi.

BBC itangaza ko uwo mwicanyi yumviswe ariko asemerere ngo “Allahu Akbar(Imana niyo Nkuru) mu rurimi rw’Icarabu.

Intumbero y’uwo mwicanyi ntiratomoka neza naho bivugwa ko ivyo vyabaye ari ibikorwa vy’iterabwoba. Ibihugu bimwe bimwe vyo mu Buraya yo mu Burengero na Amerika ya Ruguru birakunze kwibasirwa n’abicanyi biyadukiza bakica abantu.

Recommended for you