NEWS

Abantu bane batowe ibiziga mw’ishamba rya Rukoko

By

on

Ibiziga bine vy’abantu vyatowe kuri uwu wa gatatu ku musozi Ruhembe, zone Ndora, komine Bukinanyana, intara ya Cibitoke. Ivyo biziga vyari vyatanguye kwononekara, vyatowe mw’ishamba rya Kibiri ku ruhande Uburundi buhana urubibe n’igihugu c’Urwanda.

Abajejwe gucunga ishamba rya Kibiri nibo babonye ivyo biziga ubwa mbere, baca batabaza abajejwe umutekano hamwe n’abajejwe intwaro. Abo nibo baciye bafata ingingo y’uko ivyo biziga vyohambwa, kuko vyari vyatanguye gusanguka.

Abajejwe intwaro n’umutekano bamenyesha ko naho batashoboye kumenya abo bantu, bikeka ko bashobora kuba ari abantu binjira mw’ishamba rya Kibira kwimba inzahabu mu kinyegero.

Tubibutse ko abandi bantu 14 bimba inzahabu mu kinyegero baheruka kwicwa barashwe muri iryo shamba nyene rya Kibira, haraheze indwi zibiri.

Abo bitavye Imana baguye mu murwi w’abasirikare bariko barakizura muri iryo shamba, baca bikeka ko ari abagizi ba nabi arikwo kubarasa.

Recommended for you