Kuva mu masaha yo mu gatondo yo kuri uyu wa 10 Ntwarante 2022 , abapolisi barwanya imigumuko bakorera hagati mu gisagara ca Bujumbura aho bita «Kwa Ndadaye» bitwaje ibirwanisho bikomakomeye biboneka ko biteguriye intambara ,bazindutse bafata umuntu wese biboneka ko ari mumurwi uri hamwe co kimwe n-abakora urucuruzwa rwa Ecocash na Lumicash.
Umwe mu bapolisi yarari ngaho yatubwiye ko baraye bafise amakuru ko abaheruka kubuzwa kunyonga amakinga, amapikipiki n-ama Tuk-Tuk hagati mu gisagara ca Bujumbura , bashobora kuja mu myiyerekano yo kwiyamiriza ingingo bafatiwe mu ntumbero yo kugaragaza akababaro kabo, ko rero ariyo mpamvu bariko bafata uwo wese ari muturwi turwi kugira baburizemwo iyo myiyerekano.
Uy-umunyagihugu yariko arengana hagati mu gisagara ca Bujumbura ati :«Jewe ibintu ndiko mbona umenga igihugu catewe, nabiheruka mu mwaka wa 2015 mu migumuko yo kwiyamiriza ikiringo ca Perezida Petero Nkurunziza. Uhagaze uriko urorera nawe baca bajaniranya .turakeneye guhabwa umuco ku biriko biraba.»