Thursday, December 1, 2022
HomeNewsAbantu bagera ku 1470 nibo bishwe kuva Perezida Ndayishimiye ashitse ku butegetsi...

Abantu bagera ku 1470 nibo bishwe kuva Perezida Ndayishimiye ashitse ku butegetsi (Ligue ITEKA).

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi ITEKA ryarasohoye icegeranyo cerekana ukwo igisata c’agateka ka zina muntu cifashe kuva Perezida Ndayishimiye agiye ku butegetsi. Mu myaka ibiri gusa , Ligue ITEKA ivuga ko abantu bagera ku 1470 bishwe , abantu benshi baranyurujwe, barakubaguwe, ipfungwa ridakurikije amategeko hamwe n’amabi afatiye ku gitsina.

Ico cegeranyo kikaba cakozwe ku kiringo kiri hagati y’igenekerezo rya 30 Ruheshi mu mwaka wa 2020 n’igenekerezo rya 31 Myandagaro 2022. Muri ico cegeranyo, Abantu bagera ku 956 barishwe n’abantu bataramenyekana , 344 bishwe n’abajejwe umutekano , abandi bakicwa n’abari mu nzego za Leta.

Uretse ibiziga vyatowe, Iryo shirahamwe rimaze imyaka riharanira agateka ka zina muntu ryerekana ko abantu 118 banyurujwe canke babuzwe irengero n’abakenyezi n’abigeme 255 bakorewe amabi afatiye ku gitsina.«Ibiziga vyatowe mu ntara zitandukanye z’igihugu , ariko intara ya Cibitoke iza mu kibanza ca mbere ku bice 49 kw’ijana rifatiye ku biziga 279 vyatowe » vyerekanwa na Ligue Iteka rinegura ko uwahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu , Gervais Ndirakobuca aheruka kugenwa kuba umushikirakanji wa mbere ataco yakoze kandi ari imvukira yo muri iyo ntara.

Ligue ITEKA isaba ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya kugumizaho ibihano bwafatiye umushikiranganji wa mbere mushasha Gervais Ndirakobuca , asanzwe ari muri ivyo bihano gushika mu mpera za kuno kwezi.

Must Read