NEWS

Abantu babiri bapfiriye ku nyubakwa y’umushikiranganji w’ikigega ca Reta

By

on

Abantu babiri nibo bitavye Imana, abandi bagera ku munani barakomereka muri karitiye ya Kinyami, komine Ngozi, intara ya Ngozi nyene, kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 12 Nyakanga 2018, nk’igihe c’isaha icenda z’umurango.

Abo bantu bose baguweko n’igihome bariko barubaka ku nyubakwa y’igorofa y’umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitiyano NDIHOKUBWAYO.

Abitavye Imana ni BITANGIMANA Jules w’imyaka 35 hamwe na NDUWIMANA Fabiyano w’imyaka 37.

Abakomeretse baciye bajanwa kuvurirwa ku bitaro bikuru vy’intara ya Ngozi.

Recommended for you