Sunday, May 28, 2023
HomeNewsAbantu ba mbere batewe urucanco rwa Covid-19 mu Burundi.

Abantu ba mbere batewe urucanco rwa Covid-19 mu Burundi.

Abanyagihugu ba mbere bo mu gisagara ca Bujumbura baronkejwe incanco za Covid-19  kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 18 Gitugutu 2021. Hari mu kigo c-umugambi w-igihugu ujejwe incanco .ImageImage

Icibonekeje mw-ico kibanza, nta mutegetsi numwe yarahari kugira atanguze iryo sekeza. Ivya tumye benshi bibaza nyimba vyoba bifitaniye isano n-amajambo yashikirijwe kuri uyu w-Imana n-umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni, hari muri komine Mpinga-Kayove mu ntara ya Rutana, aho yatangaje ko Leta itazoshira imbere incanco gusumvya ingingo zimaze gufatwa mu ntumbero yo kurwanya ikiza ca Covid-19.

ˮNtidushobora gushira imbere ubuhinga tudatahura  kandi n-ingaruka mbi zabwo zidatahurwa  n-abahinga babushizeho ngo tureke  umugambi wa Leta udufasha cane‟ Niko Alain-Guillaume Bunyoni yivugiye mu bikorwa vyo guha imfashanyo imiryango 300 itishoboye yo muri Komine Mpinga-Kayove.

Gushika isaha umunani n-igice z-umuhingamo wo kuri uyu wa mbere, abantu bagera kuri 14 nibo bari bamaze kuronswa urwo rucanco , nkuko amakuru aturuka mu gisata c-amagara y-abantu avyemeza.

Tubamenyeshe ko izo ncanco ziriko ziterwa mu Burundi zatanzwe n-igihugu c-ubushinwa. Ni incanco zo mu bwoko bwa Synopharm zikaba zakiriwe kuri uyu wa kane w-indwi iheze, Zikaba zigera ku bihumbi amajana atanu zakiriwe.

 

 

 

Must Read