NEWS

Abantu 9 barahitanywe n’isanganganya ry’imodoka muri commune Rutegama

By

on

Mur’iryo sanganya ryabaye kumugoroba wo kur’uyu wa kabiri, abantu batatu baciye bitaba Imana ubwo nyene abandi batandatu bagiye gucikana bashitse kwa muganga ku bitaro bikuru vyo mu ntara ya Muramvya. Iyo modoka yo mu bwoko bwa hiace y’ishirahamwe Air Ponctuel ikaba yagonganye na vya bimodoka bikwegana, yoyo ikaba yariko iramanuka ija i Bujumbura.

Abantu 20 bakaba baciye banyarukanwa kwa muganga bamwe ku bitaro bikuru vyo mu ntara ya Muramvya abandi bamanukanwa i Bujumbura.  Ivyo vyatumwe n’uku ivyo bitaro vy’i Muramvya bitashobora kwakira abakomeretse bose.

Abajejwe umutekeno bakaba bamenyesheje bariko barakora ibishoboka vyose kugira amasanganya yo kumabarabara agabanuke na cane cane kurwanya umuvuduko udasanzwe, abakoresha impusha zo kugendesha imodoka za magendu hamwe no kunwa inzoga uriko uratwara imodoka. Eka n’amashirahamwe y’abatwara imiduga itwara abantu akaba amaze guhagarika abatwara imiduga badakwije canke banyoye ibiyayura mutwe mugihe bagire batware abantu. Ariko ayo masanganya aguma yibonekeza. Mwebwe mubona ayo masanganya yohera gute ?

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply