NEWS

Abantu 113 bafashwe bagirizwa ikiroberi (Rébellion)

By

on

Igiporisi c’Uburundi cemeza ko umutekano wifashe neza muri rusangi mu mezi atatu y’igice ca kabiri c’umwaka w’2018, kiretse ubugizi bwa nabi bumwe bumwe bwagiye buribonekeza. Muri ubwo bugizi bwa nabi, igiporisi kivuga ubwicanyi, hamwe n’ibitero vy’abakora iterabwoba.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, Melchiade RUCEKE, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’umutekano yagarutse nk0 ku gitero cakozwe n’abantu bitwaje ibirwanisho ku musozi wa Ruhagarika, komine Buganda, intara ya Cibitoke, ahitavye Imana abanyagihugu barenga mirongo ibiri.

Melchiade RUCEKE yagarutse kandi ku bwicanyi bugera kuri 62 bwakozwe kuva mu kwezi kwa Ndamukiza gushika mukwa Ruheshi 2018, bwinshi muri ubwo bwicanyi bukaba bwari bufatiye ku matati y’amatongo, hamwe n’ukwagirizanya uburozi.

Muri ayo mezi atatu, igiporisi c’Uburundi kivuga ko cafashe abantu bagera kw’ijana na cumi na batatu bagirizwa ikiroberi. Mu ntumbero y’ukurwanya ubwo bugizi bwa nabi, igiporisi c’Uburundi kivuga ko inkoho zigera ku 1260 arizo zafashwe kandi zashikirijwe igiporisi muri ico kiringo c’amezi atatu.

Recommended for you