INTERNATIONAL NEWS

Abantu 11 Baramaze Guhitanwa N’Imyiyerekano Ikomeye Muri Kenya Inyuma y’Itsinda rya Uhuru Kenyatta.

on

Abapolisi barwanya imigumuko muri Kenya batanguye akazi katoroshe ko guhangana n’abakora imyiyerekano yo kwiyamiriza ivyavuye mu matora yo muri Kenya ayatumye hatangazwa ko Uhuru Kenyatta ayahora atwara ico gihugu atsinda.Ivyo vyatumye abashigikiye Raila Odinga, uwatsinzwe, avuga ko amatora yibwe, baja mwibarabara mu myiyerekano.

Nkuko ibinyamakuru bitari bike biriko birakurikirana uko imyiyerekano iriko igenda muri kenya, abantu 11 baranaze guhitanwa niyo myiyerekano ikomeye bahitanywe n’igipolisi kirwanya imigumuko(police anti-emeute).Iyo myiyerekano ikaba ikaze cane mu gisagara ca Kisumu hamwe no mu duce duhereranye n’umurwa mukuru Nairobi.

Igipolisi kirwanya imigumuko kiriko kirahangana n’abatemera ivyavuye mu matora.

Naho Odinga avuga ko amatora yibwe,nta vyemezo aratanga,aho ni mugihe Uhuru Kenyatta wewe yamaze gutangazwa ko amatora yayatsinze.Uretse abapfuye, ibitaro vyo mu ntara ya kisumu bimenyesha ko vyakiriye abantu bashika kuri 26 kuva ku musi wa gatanu,harimwo bane bafise ibikomere vy’uko barashwe n’abandi bakubiswe n’igipolisi.

Soma kandi: Raila Odinga Avuga Ko ‘Habaye Ubusuma Mu Mashini Ziharura Amajwi’

Abategetsi bo muri Kenya batanguye kwikika inkozi z’ibibi ziriko zikika mu kiza mwiki gihe c”amatora maze bakavyura akajagari.Muri iyo myiyerekano harakoreshwa vya vyotsi bikorora amosozi hamwe no kurasa amasasu yica.

Ibihugu vyinshi vya Afrika birahangana n’akaguma kaba inyuma y’amatora,nk’ivyabaye mu Burundi, Gambia, Cote D’Ivoire n”ahandi,ariko uravye neza usanga kenshi bivana n’abategetsi bamwe bamwe baba bashaka kwigumiza ku Butegetsi mu gihe abanyagihugu bamwe bamwe(naho baba bari kurushi) bakihereza amabarabara bavyiyamiriza maze hakavamwo impfu zitari nke.

Recommended for you