NEWS

Abanonotsi b’Abarundi babuze 5000$ bariha ihoteli muri Gabon.

on

Ku mbuga ngurukana bumenyi hariko hanyuragirana amasanamu y’abanonotsi babiri b’Abarundi bavugwa ko bugaraniwe muri hotel yitwa Ngonemono mu gihugu ca Gabon, mu gisagara ca Libreville kubera babuze amafaranga yo kuri iyo Hotel.

Naho abo banonotsi b’Uburundi batahukanye umudale wa Bronze, baratabaza leta ko yobagarukira bakariha ihoteli bashikiyemwo.

Amafaranga basabwa kuriha ni hafi 5000 US$( hafi imiliyoni 15 z’amafaranga y’amarundi) kugira babone kurekurwa hama bagatahana umudali mu Burundi.

Umuntu umwe yiyita umuvugakuri kuri Twitter niwe avuga ko abo banonotsi b’Uburundi bashobora kuba ari abanywanyi ba CNL ya Rwasa kubera boba bariko bacafuza leta y’Uburundi.

Mu vy’ukuri nimba barungitswe na leta y’Uburundi wewe ubona leta itobagarukira?

 

Recommended for you