NEWS

Abana B’Impunzi Z’Abarundi Mu Nkambi Ya Nduta Biga Mu Mirere Igoye.

on

Mu nkambi y’impunzi z’Abarundi ya Nduta muri Tanzaniya, ubuzima bwaho ntibworoshe, na cane cane ku bana bariko bagwa bavyuka kugira barabe ko bokwiga. Uko abo bana aribo Burundi bw’ejo biga kukaba kutoroshe na gato kuko usanga bariko bigira munsi y’ibiti kubera kubura imfashanyo zikwiye guhanze ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR.

HCR imenyesha ko abana biga muri iyo kambi y’impuzi z’Abarundi ya Nduta yashinzwe mu mwaka wa 2015, biga ata bikoresho vy’ishure bikwiye bafise, bakiga mbere batanafunguye mu gitondo. Kubera ko bigira munsi y’ibiti kubera kubura amashure akwiye bokwigiramwo, igihe imvura iguye, udukoresho bafise duca ‘dukanya, mu gihe haje umuyaga naho, amashami y’ibiti aca akoragurika, igihe izuba ryatse naho hagashuha cane, mbere rimwe na rimwe hari aho bahagarika ivyigwa’.

Bivanye n’ibifungurwa bikeyi izo mpunzi z’Abarundi zironka, abo bana aribwo Burundi bw’ejo babwirizwa kwiga n’inzara mu nda. Muri abo bana biga muri iyo mimerere igoye, abigeme usanga ari nk’umwe mu bahungu batatu

Abigisha bigisha abana muri iyo kambi y’impunzi ya Nduta barahangana nabo n’ingorane. Bamenyesha bati: “Rimwe na rimwe, igihe amashami y’ibiti akorotse kubera umuyaga n’imvura, abanyeshure barakomereka, maze ivyigwa bigaca bihagarara kubera abigisha baca batwara abo bana ku mavuriro…Igihe baje kwishure baba bashonje maze bigatuma batiga neza kubera inzara”.

No mu nkambi ya Nyarugusu naho nyene ni uko, aho usanga abana bigira mu mazu y’amahema, maze nayo akama yaguruwe n’umuyaga. Iyindi ngorane ihanze urwo rwaruka aribwo Burundi bw’Ejo ni ukurangiza amashure yisumbuye bakabura aho babandaniriza amashure ya Kaminuza. “Igihe umaze amashure yisumbuye nta handi ubandaniriza amashure ya kaminuza…ntitubona iyo twerekeza…nipfuza gutaha mu Burundi kugira mbandanye n’amashure ya kaminuza”, niko umunyeshure umwe wo mu nkambi ya Nyarugusu yamenyesheje.

Recommended for you