Sunday, May 28, 2023
HomeNewsAbamenyeshamakuru bo mu Burundi bongeye gukorerwa ikindi kintu kibabaje cane

Abamenyeshamakuru bo mu Burundi bongeye gukorerwa ikindi kintu kibabaje cane

Mu Burundi abamenyeshamakuru ba Radio RPA barageramiwe, Inyuma yaho Reymond Zirampaye ahushirijwe kugandagurwa kurugo iwe Imana igakinga nayo umu chauffeur wiwe Agatemagurwa, Umumenyeshamakuru ‪‎Eloge Niyonzima‬ akorera ‪RPA‬ i Bubanza yaraye IJORO ryiwe rya mbere mw’ibohero rikuru rya ‪‎Bubanza‬.

Niyonzima
Umumenyeshamakuru ” ‪‎Eloge Niyonzima‬ ” akorera RPA

Eloge Niyonzima akaba yagirizwa ko yagize uruhara mw’ikubitwa ry’Imbonerakure , Irakoze Jean de Dieu ari mw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru mu ‪Burundi‬ asaba ko yorekurwa kuko ariko agirwako irementanya.

zirampaye
Umumenyeshamakuuru Reymond Zirampaye yahushijwe kugandagurwa.

Tubamenyeshe ko Abatari bake bamushingira Intahe ko igihe iyo MBONERAKURE yakubitwa Eloge Niyonzima Yari yibereye mumuryango iwe, ikindi naco nuko urunani rw’abamenyeshamakuru mu BURUNDI UBJ rwiyamiriza iryo fungwa. Alexandre NIYUNGEKO arongoye UBJ asaba ko uwo mumenyeshamakuru yorekurwa atakirinze gusabwa kubwiwe ngo ntamvo n’imwe yotuma Eloge NIYONZIMA afungwa ngwariko azira umwuga wiwe kuko yama yashikirije ibitagenda neza mu ntara ya BUBANZA

Must Read