NEWS

Abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu bankiwe gukurikirana ibirori vy’Ubumwe bw’abarundi

on

Abamenyeshamakuru babiri b’ikinyamakuru Iwacu bankiwe gukurikirana ibirori vyo guhimbaza umunsi mukuru w’Ubumwe bw’abarundi.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Iwacu abo bamenyeshamakuru bakorera, hari igihe c’isaha zitatu z’igitndo igihe abo bamenyeshamakuru bashika mu kibanza c’ubatswemwo icibutso c’Ubumwe bw’abarundi,bitwaje ibikoresho bifata amajwi n’amasanamu.

Ayo makuru amenyesha ko bashitse bahasanze abajejwe umutekano abo nabo babaza aho bakorera bavuga ko bakorera ikinyamakuru Iwacu,ariko basanga ntibari ku rutonde rw’ibinyamakuru vyari bifise uburenganzira bwo gukurikirana ibirori.

Abapolisi bari aho bababwiye ko Radiyo na Televiziyo vy’Uburundi,Radiyo Nderagakura,Radiyo na Televiziyo Rema,n’ibinyamakuru Renouveau n’Ubumwe arivyo bifise uburenganzira bwo gukurikirana ibirori.

Abamenyeshamakuru b’ibinyamakuru vyigenga bamenyesha ko bafise ikibazo kuko batamenya uwufata ingingo canke uwutanga ubutumire ku bamenyeshamakuru bwo kuja gukurikirana ibirori.

Abamenyeshamakuru b’ibinyamakuru vyigenga mu Burundi bavuga ko bafise amakenga ko bishobora kuba nkukwo mu biganiro bitegekanijwe kubera i Arusha.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply