Sunday, May 28, 2023
HomeNewsAbamenyeshamakuru bagize urugendo rudasanzwe rwo kwiyamiriza ifungwa rya Bob Rugurika

Abamenyeshamakuru bagize urugendo rudasanzwe rwo kwiyamiriza ifungwa rya Bob Rugurika

Kuruno wa kabiri abamenyeshamakuru,amashirahamwe yigenga n’abaharanira agateka ka zinamuntu bagize urugendo rwabashikanye imbere y’ingoro y’ubutungane.

Urwo rugendo barukoze muntumbero yo gusaba irekurwa ry’umukuru w’iradiyo RPA amaze imisi 15 ari mw’ibohero ry’intara ya MURAMVYA.

Urugendo rwabaye m’umutekano ntangere, abamenyeshamakuru n’amashirahamwe bagashima ko igiporisi kitababurabuje. Urwo rugendo rugirakabiri rukaba ruri murukurikirane rw’izindi ngendo zategekanijwe kumisi ya kabiri ico bise uwakabiri w’icatsi kibisi.

Naho umukuru w’igisagara ca Bujumbura Juma Saidi yari yabujije urugendo rwo gushigikira Bob Rugurika, rwari rwateguwe n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 3 Ruhuhuma 2015, agasigura ko arubujije ku mvo z’umutekano, amashirahamwe y’abamenyeshamakuru yamenyesheje ko ari uburenganzira bwabo, kandi ko umukuru w’igisagara ca Bujumbura adashobora kwanka urwo rugendo kuko amategeko avuga ko arumenyeshwa gusa, ariko adasabwa uruhusha.

Must Read