NEWS

Abamenyeshamakuru 4 ba radiyo NTUMBERO FM bitavye ubutungane

on

Inyuma y’amezi 2 arenga i radiyo Ntumbero FM ifatiwe ibihano vyo kugara ibikorwa vyayo mu kringo c’amezi atandatu,4 mu bamenyeshamakuru b’iyo radiyo barengutse muri sentare nkuru ya komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura bagirizwa kwiba ibikoresho vy’iyo radiyo.
Amakuru atangwa n’abo barengukishijwe ashikiriza ko bitavye mu rubanza rubahuza n’uwuserukira ishengero rya Rocher mu ntumbero yo kubandanya amatohoza inyuma y’iyugagwa y’iyo nsamirizi.

Abo bamenyeshamakuru barengutse bagizwe nuwari umuyobozi yarajejwe uruganda rw’amakuru muriyo radiyo Thierry IRAMBONA,Jean de Dieu NAHIMANA,Eric NDABUNGUYE hamwe na Egide NDAYISHIMIYE.

Bivugwa ko abo bamenyeshamakuru barengutse mu ntumbero ypo kubazwa kubijanye n’umuntu yabitwariye abasaba ko bomuronsa ibikoresho vy’iyo radiyo.

Ibibazo abantu bamwe bibaza n’ibijanye n’ivyo bikoresho iyo nsamirizi yakoresha,vyoba vyegukira nde ko hariho uyo avugwa ko yabitwariye asaba ko yobironswa?

Iradiyo NTUMBERO yariyafatiwe ibihano n’urwego rujejwe kugenzura ibimenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 4 kigarama 2017,yagirijwe ko itasize mu ngiro ivyo yari yariyemeje igihe yasaba uruhusha rwo gukora mu gihugu.

Ko bamwe mu bamenyeshamakuru bakorera muriyo radiyo batanguye kurengutswa babazwa kubijanye n’ibikoresho vyiyo radiyo bizohava biyorohera gusubira gukora inyuma y’amezi atandatu yugariwe?

Uko bigenda kwose si kintu kizokoroha.

Bitegekanijwe ko abo bamenyeshamakuru bazorenguka kandi imbere ya sentare nkuru ya komine Mukaza kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 16 Nzero 2018.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.