Abamenyeshamakuru b-iradiyo ISANGANIRO barekuwe mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri inyuma y-ikiringo c-isaha imwe irenga bugaraniwe ahariko hapimirwa Covid-19 kw-ivuriro ritoya rya Kanyosha. Abajejwe ico kibanza bavuga ko abo bamenyeshamakuru badafise uburenganzira bwo kuhakorera.
Nkuko tubikesha iradiyo n-imboneshakure ISANGANIRO, Abo bamenyeshamakuru bariko bararondera amakuru ajanye n-uko igikorwa co gupima kiriko kiragenda kuva hongerejwe ibibanza bapimiramwo uwo mugera wa Covid-19.
Naho vyagenze ukwo, Mu bushikiranganji bw-amagara y-abantu baremeza ko ata kibuza kurondera muri bene ivyo bibanza. Bahavuye barekurwa barasohoka mu biro bari bugaraniwemwo n-abo barongoye iryo vuriro rya Kanyosha habanje gucanacanako amaterefone, nkuko bibandanya bitangazwa n-iyo samirizi n-imboneshakure ISANGANIRO.