Abakuru b’ibihugu bigize afrika y’ubuseruko , EAC bazohurira i Bujumbura mu Burundi mu mpera z’ukwezi kwa Nzero mu mwaka ugiye gutangura kugira bigire hamwe ikijanye no kugarukana amahoro mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Bikaba vyapfundikiwe mu mubonano bagiranye I Washington DC muri Leta Zunze ubumwe za Amerika hari mu ndwi iheze.
Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye ari nawe arongoye uwo muryango ,yabitangaje kuri uyu w’Imana atahutse avuye mu nama yahuza Leta Zunze ubumwe za Amerika n’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika.
Varisito Ndayishimiye amenyesha kandi ko Leta ya Congo yizezako amahoro ashobora kuboneka mu gihe abarwanyi b’umuhari M23 bokwemera kuja mu kibanza bateguriwe kugira bashirwe mu buzima busanzwe . Kubwa Perezida Ndayishimiye, n’umuhari M23 urabishaka ko amahoro agaruka mw’ico gihugu.